Uko wahagera

Bombe Yatezwe kw'Ipikipiki Yishe Abantu Bane muri Pakistani


Imodokari y'igiporisi yononywe na bombe yaturitse ku rubibe rwa Pakistani na Afuganistani mu gisagara ca Chaman, kw'itariki ya 23/03/2021.

Igisasu ca bombe caturikiye mu ntara ya Baluchistani iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Pakistani kuri uyu wa kabiri cahitanye abantu bashika bane hamwe n’abandi 13 bakomeretse.

Igiporisi cavuze ko ico gisasu cari canyegejwe mu pikipiki yari ihagaze hafi y’ibiro vya gisirikare mu gasagara ka Chaman ku rubibe na Afuganistani. Nta n’umwe yiyitiriye ico gitero. Abakozi bajejwe gutabara hamwe n’igiporisi bavuze ko cakomerekeje cane abasivile.

Ubwoko bw’aba Baluch rimwe na rimwe burakora ibitero ku bajejwe umutekano no ku nyubakwa za reta i Baluchistani. Imihari y’intagondwa yegamiye abatalibani bo muri Pakistani hamwe n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu nayo nyene ikunze kuvugwa muri iyo ntara itunze mu gataka kayo kandi barakunze kwiyitirira ibitero nk’ivyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG