Uko wahagera

Abatari Bake Bishwe n'Umuriro mu Kambi y'Impunzi muri Bangladesh


Umuriro wateye ikambi y'impunzi y'i Balukhali muri Bangladesh, kw'itariki ya 22/03/2021.
Umuriro wateye ikambi y'impunzi y'i Balukhali muri Bangladesh, kw'itariki ya 22/03/2021.

Umuriro w’inkazi wadutse mu kambi y’impunzi z’aba Rohingya mu bumanuko bwa Bangladesh kuri uyu wa mbere, usangangura amazu ibihumbi kandi wica abantu batari bake. Ibi vyashikirijwe n’abategetsi hamwe n’abavyiboneye.

Mohammed Shamsud Douza, icegera c’umutegetsi wa reta ajejwe impunzi, yavuze ko abategetsi bariko bagerageza guhwamika uyo muriro.

Impunzi z’aba Rohingya muri izo kambi zavuze ko amazu menshi yahiye gushika ku mushinge kandi n’abantu batari bake bapfuye, ariko baba abategetsi canke HCR ntawatangaje igitigiri c’abapfuye. Icateye uwo muriro ntikiramenyekana.

Impunzi z’aba Rohingya nizo ziba mu makambi mu bumanuko bwa Bangladesh, benshi bahunze intwaro y’umukazo ya gisirikare muri Myanmar mu 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG