Uko wahagera

Trump Ashobora Gushiraho Urubuga Hwaniro Rwiwe Bwite


Donald Trump ategekanya gusubira kuboneka ku rubuga ngurukana bumenyi mu gihe kiri imbere, akoresheje urubuga hwaniro rwiwe bwite, inyuma yo gukurwa ku mbuga zihasanzwe nka Twitter n’izindi. Uwahoze ari umuhanuzi wiwe mu myiyamamazo yo mu 2020 ni we yabivuze kuri uyu w’Imana.

Jason Miller yabwiye televiziyo Fox News yo muri Amerika ko tugiye kubona perezida Trump agaruka ku rubuga ngurukana bumenyi nko mu mezi abiri canke atatu ari imbere.

Ivyo Trump yashikiriza ku mbuga hwaniro vyakweze abantu imiriyoni 88 bamukurikira ku rubuga Twitter kandi ni ho yacisha amajambo yo gupinga abamunegura canke gutangaza ivyo agiye guhindura no gukora muri poritike yiwe.

Ariko Twitter yaramuhagaritse ubutakigaruka inyuma yuko akoresheje urwo rubuga mu guhamagarira abanywanyi biwe bavogereye inyubakwa ya Capitol kw’itariki ya 6 y’ukwezi kwa mbere.

Trump yarahagaritswe kandi ivy’agateganyo canke ubutagisubira inyuma ku mbuga hwaniro za Facebook, Instagram, YouTube na Snapchat.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG