Abasirikare ba Libiya babohoje kuri uyu wa gatatu abimukira 120 bari mu vyara vy’abakora urudandaza rw’abantu mu buraruko bw’igisagara ca Bani Walid.
Igisirikare cavuze ko abo bimukira bagizwe ahanini n’abanyamisiri, babohojwe mu gitero cakozwe mu gatondo mu bwihisho bw’abo badandaza abantu.
Abarokotse bavuga ko bakorewe ibikorwa vyo kubaborezwa igufa n’ubundi bubisha butagira izina.
Igisirikare cavuze kandi ko cakoze igikorwa nk’iki mu ndwi iheze muri ico gisagara nyene ca Bani Walid, kiri ku birometero 170 mu bumanuko bw’umurwa mukuru Tripoli. Ibibanza bitandatu abo bimukira batwarwamwo vyaratewe, abimukira 70 barabohozwa.
Ibihumbi vy’abantu baraciye muri Libiya bavuye mu bihugu bibanyi, berekeza ku nkengera za Mediterane, aho abakora urudandazwa rw’abantu baca babapakira mu mato babajana ku mugabane wa Bulaya.
Ayo mabi akorerwa abimukira yariyongereye muri Libiya, aho abayakora bikinze akajagari Libiya yinjiyemwo kuva mu 2011 Moamar Kadhafi yishwe.
Facebook Forum