Uko wahagera

Abashika kuri 20 Barishwe n'ibisasu Vyaturitse muri Guinee Equatorial


Isanamu ya Videwo yerekaye imyotsi y'ahasambukiye ibisasu mw'ikambi ya gisirikare y'i Bata, muri Guinne Equatorial, kw'italiki ya 7/03/2021.
Isanamu ya Videwo yerekaye imyotsi y'ahasambukiye ibisasu mw'ikambi ya gisirikare y'i Bata, muri Guinne Equatorial, kw'italiki ya 7/03/2021.

Abantu bashika kuri 20 barapfuye abandi 600 barakomereka inyuma y’ibisasu vyaturitse bitako birasambura ikambi y’igisirikare muri Guinee Equatorial. Perezida Teodoro Obiang Nguema yavuze ko vyavuye ku kwanjanjwa kw’abasirikare.

Televiziyo ya reta TVGE, yerekanye ibisigarira vy’ibibomoke n’amazu yahiye mu kambi ya Nkoa Ntoma iri ku murwa mukuru w’ubutunzi, Bata no mu micungararo y’aho.

Perezida Nguema Obiang yavuze ko ivyo bisasu vyaturitse vyatewe n’isanganya ryavuye ku kwanjanjwa no gusamara kwabaye mu cumba c'ububiko bw'ibisasu vyo mu bwoko bwa dynamite.

Bata ni igisagara ca mbere kinini gitunze igitoro na gaze, kandi kibamwo abantu hafi 800 000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG