Uko wahagera

Abakenyezi Batatu b'Abamenyeshamakuru Bishwe muri Afuganistani


Abagabo b'abanyefuganistani batwaye ikiziga c'umwe mu bakenyezi batatu bishwe n'abantu bitwaje inkoho, i Jalalabad, muri Afuganistani, italiki ya 3/2/2021
Abagabo b'abanyefuganistani batwaye ikiziga c'umwe mu bakenyezi batatu bishwe n'abantu bitwaje inkoho, i Jalalabad, muri Afuganistani, italiki ya 3/2/2021

Abategetsi muri Afuganistani bavuze kuri uyu wa kabiri ko abagabo bitwaje inkoho bishe abakenyezi batatu bakorera televiziyo mu bitero bitandukanye mu buseruko bw’intara ya Nangarhar.

Ababibonye hamwe n’igiporisi bavuze ko abo bishwe bariko batahuka bavuye ku kazi igihe baterwa mu bice bitandukanye i Jalalabad, ku murwa mukuru w’iyo ntara, kandi ababishe babashije guhunga.

Nta n’umwe yashotse yiyitirira ubwo bwicanyi. Umuvugizi w’Abatalibani yavuze ko ataho bahuriye n’ivyabaye.

Reta zunze ubumwe za Amerika yiyamirije ubwo bwicanyi, isaba reta ya Afuganistani kurwanira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru no gukingira abamenyeshamakuru.

Iki gitero co kuri uyu wa kabiri kiri mu rukurikirane rw’ibindi nk’ibi bikorwa n’Abatalibani ku bantu bafise ijunja mu gihugu, barimwo abamenyeshamakuru, abakora muri sosiyete sivile, abanyamadini, abacamanza hamwe n’abategetsi ba reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG