Uko wahagera

ONU: Ihohoterwa Ryakorewe Imbohe muri Siriya Riteye Agahinda


Abakora amatohoza b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko batazi uko imbohe zafashwe n’impande zose zerwa n’intambara yabereye muri Siriya zimerewe kandi ko biteye amakenga.

Raporo yabo izohabwa akanama ka ONU kajejwe uburenganzira bwa muntu kw’italiki ya 11 y’ukwezi kwa gatatu.

Iyo raporo y’abagenduzi ba ONU kuri Siriya, yerekana ivyemeza vy’abapfunzwe baborezwa igufa hamwe n’ibindi vyaha bakorewe kuva iyo ntambara yaduka mu 2011. Abakoze ayo matohoza bavuga ko vyinshi mu vyaha vyakozwe biri mu mugwi w’ivyaha vyo mu ntambara kandi bihohotera ikiremwa muntu.

Umwe mu bagize uwo mugwi, Hanny Megally, avuga ko gufunga abantu kwakoreshwa mu guhana abatavuga rumwe n’impande zose zari muri iyo ntambara, ariko kandi ko vyakunze gukoreshwa na reta ya Siriya. Avuga ko gucunagura imbohe vyakozwe ku rugero rurenze na reta mu gutera ubwoba abanyagihugu.

Iyo raporo isaba abakoze ivyo vyaha kubihanirwa imbere y’ubutungane kandi ibihugu bigize ONU navyo bisabwa gushiraho amategeko ahana abantu nk’abo mu butungane bwavyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG