Icegera ca perezida muri Zimbabwe, Kembo Mohadi, yatanze imihoho kuri uyu wa mbere, inyuma yo kwagirwa n’icaha c’ingeso y’ubusambanyi. Yasavye imbabazi abanyagihugu kubona atabashije kwitwara neza mu mabanga yari yashinzwe n’igihugu.
Ibimenyeshamakuru muri Zimbabwe kuva mu kwezi guheze vyarushirije gushira ahagaragara amajwi yafashwe, aho uwo mutegetsi yumvikana ariko asaba kuryamana n’abagore batari bake harimwo n’uwukorera mu biro vyiwe.
Yarakunze guhakana ico caha akatari gake, avuga ko yarementanirijwe kandi ko bishingiye kuri politike.
Kembo Mohadi, umusirikare w’umukukuruke, yarwanye intambara yo guhabuza Zimbabwe, yari umwe mu vyegera vya perezida bibiri.
Yarashinzwe amabanga atandukanye mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi ku ntwaro ya Robert Mugabe, yongera agenwa kuba icegera ca perezida mu 2017 inyuma y’ikurwa rya Mugabe.
Facebook Forum