Uko wahagera

ONU Isaba Itohoza ku Basirikare ba Etiyopiya Bahohoteye Impunzi z'Abanya-Eritreya


Impunzi y'umunya-Eritreya ariko yiyandikisha mu kambi ya Mai Aini muri Etiyopiya, Kw'italiki ya 30/01/2021
Impunzi y'umunya-Eritreya ariko yiyandikisha mu kambi ya Mai Aini muri Etiyopiya, Kw'italiki ya 30/01/2021

Umuhinga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muvyo agateka ka muntu asaba itohoza ryihuta ku vyagirizwa abasirikare ba Eritreya ko boba barahunguye ku nguvu impunzi z’abanya-Eritreya baba mu ntara ya Tigre iri mu buraruko bwa Etiyopiya.

Mohamed Abdelsalam Babiker, umuhinga wa ONU muvyo agateka ka muntu muri Eritreya, yabibwiye akanama ka ONU kajejwe ivy’agateka ka muntu.

Igisirikare ca Etiyopiya catanguye kugaba ibitero mu ntara ya Tigre kw’italiki ya 4 y’ukwezi kwa cumi na kumwe, inyuma y’amezi Etiyopiya hamwe n’umugambwe wo guhabuza abanyagihugu bo muri Tigre, canke TPLF, baterana amajambo. Uwo muhinga avuga ko igihe iyo ntambara yatangura impunzi z’abanya-Eritreya barenga 96 000 bari mu makambi ane.

Mw’ijambo yashikirije ako kanama kuri uyu wa gatatu, Babiker yavuze ko yaronse amakuru yo kwizerwa ku buzima izo mpunzi zibayemwo muri iyo ntara.

Ntaco reta za Etiyopiya na Eritreya ziravuga ku vyashikirijwe n’uwo muhinga.

Babiker yavuze ko akeneye ko abategetsi ba Eritreya bamuha uburenganzira bwo kwinjira muri ayo makambi no kubonana n’abasaba ubuhungiro bari mu makambi ya Eritreya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG