Uko wahagera

Abahinga ba ONU Basaba ko Ibohero rya Guantanamo Ryugarwa


Umugwi w’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakurikirana ivy’agateka ka muntu, kuri uyu wa kabiri bashimye umugambi wa Perezida Joe Biden wo kwugara burundu ibohero ry’i Guantanamo. Ariko basaba ko ivyaha vyakorewe muri iryo bohero bihanwa.

Perezidanse ya Amerika, White House, yavuze mu ntango z’uku kwezi ko Perezida Biden yipfuza kwugara iryo bohero ry’igisirikare ca Amerika riri muri Cuba, ryashizweho inyuma y’igitero c’iterabwoba cabaye muri Amerika, kw’itariki 11 z’ukwezi kw’icenda, 2001. Imbohe zirifungiwemwo zafatiwe mu ntambara Amerika yakoze ku mihari y’iterabwoba.

Imigwi ibiri ya ONU, ijejwe gukurikirana ababurirwa irengero hamwe n’abafungwa hatubahirijwe ubutungane, bari kumwe n’abahinga batanu bigenga muvyo agateka ka muntu barashima ico cipfuzo ca Amerika. Ariko basaba reta ya Amerika guhana abahungabanya agateka k’abo banyororo 40 basigayeyo no kubaboreza igufa.

Abo bahinga basaba kandi ko abahohotewe bashumbushwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG