Uko wahagera

Ebola: Gineya Yatanguye Gucandaga Abanyagihugu


Igihugu ca Gineya kuri uyu wa kabiri catanguje isekeza ryo gucandaga abanyagihugu urucanco rwa Ebola, inyuma y’aho uwo mugera wongeye kugaragara muri ico gihugu muri uku kwezi. Abategetsi bizeye ko uwo mugera umaze guhitana abantu batanu uzoranduranwa n’imisi mu ndwi zitandatu.

Iki gihugu catangaje abantu bashasha banduye Ebola kw’italiki ya 13 z’ukwezi kwa kabiri, inyuma y’imyaka itanu ico kiza gihitanye abarenga 11 300 muri Gineya, Liberiya na Sierra Leone.

Hahareze indwi ata mu ntu mushasha avuzwe ko yanduye.

Abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu batanguye gutanga izo ncanco kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Gouecke, inyuma y’aho incanco zirenga 11 000 zishikiye muri Gineya ku musi wa mbere.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ryavuze kuri uyu wa kabiri ko ritegekanya kurungika izindi ncanco 8 000 muri Gineya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG