Uko wahagera

USA: Imbeho Izura Inzara n'Urubura rwa Neige Vyishe Abantu 30


Amamiliyoni y’abanyamerika bari mu bihe bikomeye vy’imbeho izura inzara hamwe n’urubura rwa Neige bikaze cane, ivyatumye umuyagankuza ucika mu bice bimwe muri Reta ya Texas. Ubu abari mu kizime bashika ku gice c’umuliyoni kuri uyu wa kane, ku ncuro ya mbere mu misi ine.

Muri iyo reta igira kabiri mu bunini muri Amerika, abanyagihugu hafi imiliyoni 2 n’ibihumbi 500 nibo basubiye kuronka umuyagankuba.

Urwo rubura rwa neige n’imbeho bimaze guhitana abantu hafi 30 muri Amerika muri iyi ndwi.

Mu gisagara ca Houston, muri Texas, itororokanirizo ry’amakuru, Associated Press, ryanditse ko umuryango wose wishwe n’ubumara bwa monoxide ya carbone bwavuye mu modokari yari muri garage, mu gihe umutamakazi n’abuzukuru biwe batatu bishwe n’imbeya z’umuriro igihe bariko baracanisha inkwi mu nzu barondera ikibasusurutsa.

Ikigo ca Amerika kijejwe gukurikirana ibihe kivuga ko iyo mbeho n’urwo rubura rwa neige biriko biduga bigana mu buraruko bw’Amerika, aho kuri uyu wa kane n’uwa gatanu akarere ka New York kamaze kugabishwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG