Uwahoze ari perezida wa Amerika, Donald Trump, yasavye kuri uyu wa kabiri abasenateri b’abarepublikani kwitandukanye na Mitch McConnell, umukuru wabo muri Sena, inyuma y’aho uwo musenateri avugiye ko uwo yahoze ari perezida yagize uruhara mu migumuko kuri Capitol.
Donald Trump avuga ko umugambwe w’abarepublikani utazosubira kwubahwa canke gukomera mu gihe abategetsi nka senateri Mitch McConnell bakiri ku mutwe wawo.
Iki gitero kije inyuma y’aho McConnell avugiye ku musi wa gatandatu ko naho yatoye yemeza ko Trump ari umwere mu rubanza rwa impeachment, uwo yahoze ari perezida yagize uruhara mu midugararo yabaye kw’itariki 6 z’ukwezi kwa mbere kuri Capitol ya Amerika.
Trump yagiriza McConnell kuba ari we yatumye abarepublikani batakaza sena.
Trump yavuze kandi ko azobandanya gukorana n’abanyamugambwe mu gihugu hagati no gushigikira abakandida b’abarepublikani bamuyoboka, mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe 2022.
Facebook Forum