Uko wahagera

Igisanira ca COVID-19 Gishobora Gukara mu Kwezi kwa Gatatu muri USA


Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Dr. Anthony Fauci, arongoye ikigo gishinzwe indwara zandukira, yavuze kuri uyu wa mbere ko igisanira ca COVID-19 catanguriye mu Bwongereza kiriko kirarandagata cane ku buryo gishobora kuzokwitwa umugera, mu mpera z’ukwezi kwa gatatu.

Mu kiganiro yatanze muri perezidanse y’Amerika, White House, Fauci yavuze ko iki gisanira ca COVID kiriko kiriganza muri Amerika kandi gishobora kuzokomera mu ndwi zitandatu ziri imbere.

Fauci ariko yavuze ko hari icizere ko uwo mugera ushobora gutururuzwa imbere yuko utikiza inganda.

Yavuze ko abanyagihugu bakwiye kwicandagisha ku bwinshi no kubandanya bakurikiza amabwirizwa yo kwikingira.

Kubwo ikigo c’Amerika kijejwe kurwanya no gukinga indwara, abanyamerika imiliyoni 32 bamaze gucandagwa incanco za COVID-19, hamwe n’abarenga imiliyoni 9 n’ibihumbi amajana atanu bamaze guhabwa incanco zibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG