Uko wahagera

ONU Yatanguye Kwitegurira Itora ry'Umunyamabanga Mukuru


FILE - United Nations Secretary-General Antonio Guterres speaks during a news conference at U.N. headquarters in New York City, New York, U.S., Nov. 20, 2020.
FILE - United Nations Secretary-General Antonio Guterres speaks during a news conference at U.N. headquarters in New York City, New York, U.S., Nov. 20, 2020.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi hamwe n’inama ya bose ya ONU, kuri uyu wa kane batanguje igikorwa co kwegeranya amazina y’abipfuza kwitoreza ikibanza c’umunyamabanga mukuru wa ONU. Antonio Guterres aramutswa ONU muri iki gihe yatangaje ko yipfuza kwongera kuzokwitoza.

Guterres w’imyaka 71, yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Portugal, asanzwe ashigikiwe n’inama ya bose ya ONU hamwe n’ibihugu bifise intebe yamaho mu nama ijejwe amahoro n’umutekano. Ivyo bihugu ni Reta zunze ubumwe z’Amerika, Uburusiya, Ubushinwa, Ubufaransa n’Ubwongereza.

ONU izotangura igikorwa co guhitamwo abakandida mu kwezi kwa gatanu canke ukwa gatandatu.

Guterres yaranebaguwe n’amashirahamwe ategamiye amareta, bavuga ko atariko arakora bikwiye mu kurwanira agateka ka muntu kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG