Uko wahagera

6 Bishwe n'Ivyuka vya Nitrogene muri Atlanta


Ibikono birimwo ivyuka vya Nitrogen muri kompanyi ibaga inkoko muri Atlanta.
Ibikono birimwo ivyuka vya Nitrogen muri kompanyi ibaga inkoko muri Atlanta.

Abantu bashika batandatu bapfuye abandi icenda barakomereka kuri uyu munsi wa kane, inyuma y’aho imyuka y’ubumara bwa Nitrogene icorokeye mu bikono vyayo mw’ishirahamwe rihingura ibifungurwa mu gisagara ca Atlanta, muri reta ya Georgia.

Igiporisi muri ico gisagara kivuga ko batanu bapfiriye, congerako ko abandi cumi batwawe gukurikiranwa kwa muganga.

Umwe muri abo yapfiriye mu bitaro, abantu batatu bararemvye cane.

Icateye ivyo vyuka bisohoka gushika ubu ntikiramenyekana kandi kiracatohozwa.

Iryo sanganya ryabaye isaha zine z’agatondo mu masaha ya Atlanta. Abanyeshure bariko bariga mu mashure yo mu micungararo baciye bugaranwa kugira ivyo vyuka ntibibashikire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG