Uko wahagera

Perezida wa Mexique Yavuze ko Yanduye COVID-19


Perezida wa Mexique, Andres Manuel Lopez Obrador.
Perezida wa Mexique, Andres Manuel Lopez Obrador.

Perezida wa Mexique, yakunze kunebagurwa akatari gake ko afata minenerwe ikiza ca Corona mu gihugu ciwe, yavuze ko yasanze yaranduye kandi ariko arakurikiranwa n’abaganga.

Andres López Obrador, w’imyaka 67, yaraneguwe ko adatanga akarorero keza mu gukinga ikwirakwira ry’uwo mugera. Yabonekanye gake yambaye agapfukamunwa kandi yabandanije afata ingendo mu ndege z’urudandazwa.

Yarananye guhagarika imirimo mu gihugu, avuga ko vyogira ingaruka mbi ku banyagihugu ba Mexique babayeho ku musi ku musi.

Iri tangazo ryiwe ribaye gato inyuma y’amakuru ko yategekanya kuvugana na perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, kuri uyu wa mbere ku kuntu yoronka incanco za Covid-19 zihingurirwa mu Burusiya.

Mexique imaze kuronka abantu hafi 150 000 bamaze kwicwa na COVID-19 hamwe n’abarenga umuliyoni 1 n’ibihumbi 700 bamaze kwandura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG