Uko wahagera

Abatalibani Bari Barabohowe muri Afuganistani Basubiye Gufatwa


Abanyororo b'Abatalibani bafunguwe mw'ibohero rya Bagram mu ntara ya Parwan muri Afuganistani. Italiki 20/05/2020
Abanyororo b'Abatalibani bafunguwe mw'ibohero rya Bagram mu ntara ya Parwan muri Afuganistani. Italiki 20/05/2020

Abategetsi muri Afuganistani bavuga ko bongeye gufata abarwanyi b’Abatalibani 600 bari barakuye mu busho, igihe bariko bashira mu ngiro amasezerano y’amahoro hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika n’uwo muhari.

Umuhanuzi wa Afuganistani mu mutekano mu gihugu, Hamdullah Mohib, yabitangaje kuri uyu w’Imana, avuga ko abo barwanyi baciye basubira ku rubuga rw’intambara kugaba ibitero ku basirikare ba reta no ku basivile.

Mu masezerano yo mu kwezi kwa kabiri 2020 hagati y’Amerika n’Abatalibani, reta yabohoye abarwanyi barenga 5 000 bagujijwe abasirikare ba reta 1 000 bari mu minwe y’uwo muhari.

Mohib yabwiye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Kabul ko kubohora abo banyororo ataco vyafashije mu twigoro tw’amahoro, ko reta yiwe ata bandi batalibani izosubira kurekura.

Umuvugizi w’Abatalibani, Zabihullah Mujahid, we yahakanye ivyo vyagiriji ko abarwanyi babo baciye basubira ku rugamba canke ko 600 muri bo bongeye guhagarikwa n’abategetsi ba Afuganistani. Ariko Mujahid yavuze ko reta yishe canke yongeye guhagarika abarenga 40 mu barwanyi bari barabohowe babasanze mu ngo zabo canke mu bitaro aho bariko baravurirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG