Uko wahagera

Facebook Irihweza Ku Ngingo Yafashe yo Kwugara Konte ya Trump


Facebook

Akanama kigenga k’ishirahamwe Facebook kagenzura ibikorwa vyaryo kavuze kuri uyu wa kane ko kagiye gusubiramwo kwihweza ingingo ryafashe yo guhagarika uwahoze ari perezida, Donald Trump gukoresha urwo rubuga.

Iryo shirahamwe ryahagaritse Trump gukoresha amakonte yiwe ya Facebook na Instagram inyuma y’aho agomoreye abayoboke biwe kw’italiki ya 6 y’ukwezi kwa mbere kuri Congress.

Igihe iyo ngingo yafatwa, iyo kompanyi yavuze ko izoyigumako n’iburi buri gushika manda yiwe irangiye kw’italiki 20 z’uku kwezi kwa mbere kandi ko ishobora no kuzogumizwaho burundu.

Claude Ganza Munyamagana Aratubwira inkuru iramvuye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:21 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG