Uko wahagera

Umukuru w'Abarepublikani muri Sena Yegeka Imigumuko kuri Trump


Umukuru w'abarepublikani muri Sena, Mitch McConnell ashikiriza ijambo inyuma y'imigumuko yabaye kw'italiki ya 6/01/2021
Umukuru w'abarepublikani muri Sena, Mitch McConnell ashikiriza ijambo inyuma y'imigumuko yabaye kw'italiki ya 6/01/2021

Umukuru w’abarepublikani muri Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mitch McConnell, yashikirije kuri uyu wa kabiri ko perezida asezeye amabanga, Donald Trump, ari we yagumuye ibihumbi vy’abanywanyi biwe gutera ibiro vy’inama nshingamateka. Yavuze ko iyo migumuko yo kw’italiki 6 z’ukwezi kwa mbere yari itumbereye kubuza abashingamateka kwemeza intsinzi y’umudemokrate Joe Biden mu matora yabaye mu kwezi kwa cumi na kumwe.

McConnell yabibwiye Sena hasigaye umusi umwe ngo Biden arahizwe kuba umuperezida wa 46 w’Amerika.

Abantu barenga 100 mu bari muri iyo migumuko baramaze guhagarikwa no kwagirizwa ivyaha, abandi 275 barakorwako amatohoza.

McConnell yavuze ko yiteze ko abatowe n’abanyagihugu kuba perezida n’icegera ca perezida barahira mu mahoro kuri uyu wa gatatu n'aho Trump yahisemwo kutavyitaba agashima kwigira ku rugo iwe muri reta ya Florida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG