Uko wahagera

Abategetsi ba Tanzaniya Babangamiye Amatora Bafatiwe Ibihano


Umushikiranganji wa reta zunze ubumwe z'Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo, i Washington, kw'itariki 12/01/2021.
Umushikiranganji wa reta zunze ubumwe z'Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo, i Washington, kw'itariki 12/01/2021.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo yafashe ingingo yo kwima visa abategetsi ba Tanzaniya, bagirizwa kugira uruhara mu kubangamira amatora yo kw’italiki 28 z’ukwezi kwa cumi. Ni ingingo ifashwe hasigaye umusi umwe ngo reta ya Trump isezere.

Pompeo yavuze kuri uyu wa kabiri ko abo bategetsi amazina yabo atashizwe ahabona bacinyije demokarasi, bakandamije, barakubagura abantu hamwe no kubagirako iterabwoba.

Amatora muri Tanzaniya yaranzwemwo no guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi, no guhagarika interineti. Ibiro vya Reta zunze ubumwe z’Amerika bijejwe agateka ka muntu vyavuze ko abategetsi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bashika 150 bahagaritswe ku musi w’itora.

Perezida John Magufuli yatorewe ikiringo ca kabiri c’imyaka itanu ku butegetsi kandi umugambwe uri ku butegetsi CCM waronse intebe zikwiye ku buryo ushobora guhindura ibwirizwa shingiro ndetse no kwongereza ibiringo perezida amara ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG