Abantu barenga 80 barishwe mu mirwano yamaze imisi ibiri mu ntara ya Darfur muri Sudani. Abaganga babivuze kuri uyu w’Imana, mu gihe haheze indwi zirenga zibiri umugwi w’abasirikare ba ONU n’ubumwe bwa Afrika wari umaze igihe kirekire ubungabunga amahoro urangije ibikorwa vyawo.
Kubaye ugutana mu mitwe gukomeye kuva mu kwezi kw’icumi hasinywe amasezerano y’amahoro mu cizere co kurangiza intambara yari imaze imyaka yarasinzikaje uburengero bw’igihugu.
Ubwo bwicanyi bwabaye hagati y’Abarabu n’abatari Abarabu i El Geneina, ku murwa mukuru wa reta ya Darfur y’uburengero.
Amakuru avuga ko intandaro yabaye impari zadutse hagati y’akagwi gato k'abantu imbere yo kuvamwo imirwano hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho.
Ishirahamwe ry’abaganga muri Sudani ryavuze ko gushika ku musi wa gatandatu, abapfuye bari bashitse kuri 83, hamwe n’160 bakomeretse barimwo abasirikare.
Abategetsi ba Sudani baciye bategeka ko ata gutembera mw’ijoro muri Darfur y’uburengero, mu gihe reta ya Sudani yaciye irungika intumwa zo ku rwego rwo hejuru gufasha gusubiza akarere mw’ituze.
Facebook Forum