Uko wahagera

Abasivile 46 Bishwe mu Buseruko bwa RDC


Amazu y'abanyagihugu yaturiwe hafi ya Beni muri RDC, kw'italiki ya 18/02/2020, inyuma y'igitero c'abarwanyi ba ADF.
Amazu y'abanyagihugu yaturiwe hafi ya Beni muri RDC, kw'italiki ya 18/02/2020, inyuma y'igitero c'abarwanyi ba ADF.

Abasivile 46 bivugwa ko bishwe mu gitero gikekwa kuba cakozwe n’abarwanyi bagira ku vyiyumviro vya kiyisilamu mu mihana mu gice c’ubuseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Congo. Umutegetsi mu ntara yabivuze kuri uyu wa kane.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu w’iyo ntara yavuze ko abajejwe umutekano bo muri ako gace baciye barungikwa muri iyo mihana yo muri teritware ya Irumu gutohoza ivyabaye. Yavuze ko abamaze kumenyekana ko bapfuye bari bageze kuri 46 kuri uyu wa kane.

Uwo mutegetsi yegeka ubwo bwicanyi ku barwanyi b’umuhari ADF wamuka muri Uganda, ukekwa kuba umaze kwica abasivile barenga 1000 kuva mu ntango z’umwaka wa 2019, nkuko ibiharuro vya ONU bivyemeza.

Ubuseruko ba Congo buhana urubibe na Uganda, u Rwanda hamwe n’Uburundi kandi ni akarere karimwo imihari y’abarwanyi irenga 100, benshi kandi ni ibisigarira vy’intambara y’abenegihugu ico gihugu caciyemwo kandi yarangiye mu 2003.

Ku musi w’Imana, abantu batamenyekanye barishe abashika 6 muri Parike ya Virunga, mu buseruko bwa Congo.

Umuhari wa reta ya kiyisilamu waremanze ko ari wo wakoze ibitero kuri benshi biyumvira ko vyakozwe na ADF muri kahise, ariko abahinga ba ONU ntibaremeza ko iyo mihari ibiri ikorana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG