Uko wahagera

Abasirikare 3 ba ONU Barishwe muri Mali


Abasirikare bo mu nteko za Minusma muri Mali
Abasirikare bo mu nteko za Minusma muri Mali

Abasirikare batatu bamuka muri Cote d’Ivoire bo mu nteko za MINUSMA ziri mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro muri Mali bishwe kuri uyu wa gatatu.

Umuvugizi wa Minusma, yavuze ko abo basirikare bari mu rugendo mw’ibarabara rihuza igisagara ca Douentza kiri hagati mu gihugu n’igisagara ca Timbuktu igihe imodokari barimwo yaturitswa na bombe yatezwe mw’ibarabara.

Abagabo bitwaje inkoho buguruye umucanwa ku modokari z’abasirikare ba ONU, bica batatu abandi batandatu barakomereka.

Igitero kuri abo basirikare kibaye inyuma y’umusi umwe akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi gakoranye kemeza kubandanya utwigoro two kubumbatira amahoro muri Mali.

Muri raporo yiwe ya vuba, umunyamabanga mukuru Antonio Guterres yarashikirije amakenga yiwe ku mutekano urushiriza kwunyuka, avuga ko uko vyifashe muri Mali biteye ubwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG