Uko wahagera

Centrafrika: Perezida Faustin-Archange Touadera Yatsinze Amatora


Perezida wa Republika ya Centrafrika Faustin-Archange Touadera.

Perezida wa Centrafrika, Faustin Archange Touadera yatsindiye kwongera gutwara igihugu, inyuma y’igice ca mbere c’amatora. Komisiyo ijejwe amatora yabitangaje kuri uyu wa mbere.

Uwo mutegetsi w’imyaka 63 yatsinze amatora yo kuwa 27 z’ukwezi kwa 12 ku majwi 53.9 kw’ijana. Aya matora yari yitabiriwe n’abakandida 15.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro itegekanya kuzokwemeza ivyo biharuro inyuma y’aho ata matati agaragariye muri ayo matora.

Aya matora y’umukuru w’igihugu yabaye hari imihari yitwaje ibirwanisho yagavye ibitero, bituma abantu baharurwa mu bihumbi batayitabira. Ariko komisiyo y’amatora yavuze ku musi wa mbere ko abitabiriye amatora mu gihugu cose bashitse ku bice 76.31.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG