Uko wahagera

Urucanco Rugira Kabiri rwa COVID-19 Rwemejwe muri Amerika


Umugwi wigenga w’abahinga b’abahanuzi b’ikigo c’Amerika kijejwe kwemeza imiti n’ibifungurwa, FDA watoye, wemera ikoreshwa ry’urundi rucanco rwa Covid-19 rwakozwe n’ihinguriro ry’imiti ryo muri Amerika Moderna. Ni inyuma y’indwi FDA kandi yemeje ikoreshwa ry’urucanco rwa mbere mu buryo bwihuta rwahinguwe n’amahinguriro Pfizer na Biontech.

Iyi nkuru y’uru rucanco rushasha itangajwe Amerika ishitse hafi ku bantu 310,000 bamaze kwicwa n’uwo mugera nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkin yo muri Amerika. Iyo kaminuza nyene ivuga ko abanyamerika barenga imiliyoni 17 bamaze kwandura COVID-19 muri Amerika.

Ikigo kijejwe kwemeza ikoreshwa ry’imiti n’ibifungurwa gishobora kwemeza kumugararo ikoreshwa vyihuta ry’urwo rucanco kuri uyu wa gatanu.

Ni rwemezwa, ihinguriro ry’imiti Moderna rishobora kuzoca ritangura kurungika incanco hafi imiliyoni 6, aba mbere bazoziterwa ni abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’abasaza baba mu mazu y’abageze muzabukuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG