Uko wahagera

USA: William Barr, Umushikiranganji w'Ubutungane Yatanze Imihoho


William Barr, umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z'Amerika w'ubutungane
William Barr, umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z'Amerika w'ubutungane

Umushikiranganji w’ubutungane wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, William Barr, umwe muri ba somambike ba Perezida Donald Trump, yavuze ko atanze imihoro. Ni inyuma y’aho habaye kutumvikana na Perezida Trump, inyuma y’ivyashikirijwe na perezida ataho bishingiye ko amatora yabayemwo ubusuma, hongeyeko kutumvikana ku matohoza ku muhungu wa perezida yatowe Joe Biden.

William Barr yagiye kuri uyu wa mbere mubiro kwa perezida, White House, aho Trump yashikirije ko uwo mushikiranganji wiwe yamuhaye urwete rwo gutanga imihoho.

Trump yaragaragaje ishavu inyuma y’aho William Barr atangarije mu ntango z’uku kwezi ko ubushikiranganji bw’ubutungane ata vyemeza bwaronse bw’uko habaye ubusuma bw’amajwi burenze kuburyo vyari gutuma hari igihinduka mu vyavuye mu matora. Trump avuga ko umwunganirizi w’umushikiranganji w’ubutungane, Jeff Rosen, azoca amusubirira ivy’imfatakibanza.

Barr yavuze ko umusi wiwe wa nyuma muri iyo mirimo uzorangira imbere ya Noheli, kw’italiki 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG