Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa mbere yashize Nijeriya ku ncuro ya mbere ku rutonde rwirabura rw’ibihugu vyima abanyagihugu ubwigenge bwo kwihitiramwo idini. Ni inzira igana ku kuzofatira ibihano ico gihugu mu gihe ata terambere ryokorwa muri ico gisata.
Umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Mike Pompeo ntiyasiguye ido n’ido impamvu nyezina zatumye Nijeriya ishirwa muri urwo rutonde, mu gihe abayisilamu n’abakristu murii ico gihugu basenga ukuri kwamye.
Pompeo yakuye kandi Uzbekistani na Sudani ku rugero rwa kabiri rw’ibihugu bihozwako ijisho, kubera imigenderanire hagati y’ivyo bihugu n’Amerika iriko iranaguka.
Raporo ya buri mwaka y’ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu mu ntango z’uyu mwaka yarashikirije amakenga ku rwego rw’igihugu no ku rwego rwa reta muri Nijeriya.
Facebook Forum