Uko wahagera

Abashika kuri 6 Bapfuye Basenyukiweko n'Igorofa muri Misiri


Ahari ibisigarira vy'igirofa yasenyutse muri Alexandria, muri Misiri, kw'italiki ya 3/12/2020.
Ahari ibisigarira vy'igirofa yasenyutse muri Alexandria, muri Misiri, kw'italiki ya 3/12/2020.

Muri Misiri, abategetsi bo mu gisagara kiri ku nkengera z’ibahari ca Alexandria bavuga ko abantu bashika kuri 10 bapfuye igihe igorofa bari bapanzemwo yasenyuka ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu.

Buramatari w’iyo ntara ya Alexandria, Mohamed el-Sherif yabwiye abamenyeshamakuru ko imiryango ibiri yari muri iyo nyubako igihe yasenyuka kandi ko abandi bantu icenda baguweko n’ibibomoke. Yavuze ko abatabara bashoboye kurokora umwana umwe.

Abategetsi babwiye ibinyamakuru ko mubapfuye harimwo abagabo batatu hamwe n’abagore batatu nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG