Uko wahagera

Valery Giscard Yigeze kuba Perezida w'Ubufaransa Yasandavye

Perezida w'Uburusiya Mikhail S. Gorbachev yakira uwahoze ari perezida w'Ubufaransa Valery Giscard d'Estaing, hagati, uwahoze ari ministre w'imigenderanire w'Amrika Henry Kissinger n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Yasuhiro Nakasone,

Uwahoze ari perezida w’Ubufaransa, Valery Giscard d'Estaing, yasandavye kuri uyu wa gatatu afise imyaka 94, nkuko vyashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu mu Bufaransa,Champ Elysee.

Giscard, yatwaye Ubufaransa kuva mu 1974 gushika mu 1981, yaheruka kujanwa mu bitaro mu gisagara ca Tours, mu burengero bw’igihugu, kandi yariko avurirwa mu gisata gikurikirana ingwara z’umutima, nkuko vyashikirijwe na radiyo Europe 1, yatangaje iyo nkuru y’urupfu ubwa mbere.

Giscard yari azwi nk’umuntu yateje imbere abafaransa, harimwo kubemerera kwahukana biciye mu mwumvikano no kwemera abekenyezi gukorora imbanyi.

Yatowe afise imyaka 48, yagiye ku butegetsi inyuma y’imyaka y’intwaro ya Jeneral De Gaule.

Mu Bulaya, yaranaguye imigenderanire n’uwahoze ari shanseliye w’Ubudagi Helmut Schmidt kandi bose batangurira hamwe umugambi w’ifaranga rya Bulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG