Uko wahagera

Joe Biden Yagiranye Inama n'Abanyamitahe Bato Bato


Prezida watowe w'Amerika Joe Biden
Prezida watowe w'Amerika Joe Biden

Joe Biden yatowe kuzoba perezida wa Amerika ku muhingamo w’uno wa gatatu aragirana inama n’abanyamitahe bato bato b’Abanyamerika, bahuye n’ingaruka mbi z’ikiza c’umugera wa Corona, zatumye amatungo yabo asubira inyuma.

Bitegekanijwe ko iyo nama iza kuba hakoreshejwe ubuhinga bwa none, mu ntumbero yo kwirinda ico kiza. Aza kuyikoresha ari imuhira iwe mu gisagara ca Wilmington, muri Reta ya Delaware. Hasigaye amayinga indwi ngo Joe Biden ashikire ubutegetsi.

Inyuma y’ibirori vyo kurahira, azoba agiye kuramutswa igihugu gihanzwe n’ubutunzi buriko bucumbagizwa n’ingaruka z’ikiza Covid-19, n’aho vyitezwe kw’incandago zishobora gutangura gutangwa muri Amerika zisa nk’izatanze icizere.

Janet Yellen yagenywe kuzohava aba umushikiranganji ajejwe ikigega muri reta ya Joe Biden, yaraye ashimangiye ko ikiza ca Corona ari akaga kaguye kuri Amerika, katumye abenshi batakaza ubuzima, abandi bagatakaza ubuzi, mu gihe abadandaza bamwe n’abandi bugaye, abatugaye nabo, bakaba bariko bakora bidashemeye.

Uwo mupfasoni asanzwe ari n'umuhinga mu vy'ubutunzi yashimangiye ko iki kibazo kiri mu vya mbere bitegerezwa gutorerwa umuti mu buryo bwihutirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG