Abantu bashika kuri 15 barishwe mu gatondo ka kare ku musi wa mbere mu gisagara ca Ba’adweyene kiri hagati muri Somaliya, igitero cegekwa ku muhari w’iterabwoba al-Shabab.
Umutegetsi mu bushikiranganji bwa Somaliay bwo kumenyesha amakuru yavuze kuri uyu wa kabiri ko Al Shabab yateye ikambi ya gisirikare mu micungararo ya Ba’adweyne hapfa abasirikare bane, hamwe n’abasivile 11 bariko barafashanya n’abasirikare mu kurwanya abansi.
Ubwo bushikiranganji bwavuze kandi ko abarwanyi ba Al Shabab 51 bishwe abandi 6 barafatwa, kandi bwavuze ko umukomanda wa al-Shabab yafashwe muri iyo mirwano.
Al-Shabab yo yavuze kuri uyu wa kabiri ko yasambuye iyo kambi ya gisirikare, yica abasirikare 53 kandi yigarurira imodokari zitandatu n’inkoho.
Reta ya Somaliya ntiyavuze igitigiri c’abasirikare bayo bari muri ico gitero hanze y’igisagara ca Ba’adweyene, kiri ku bilometero 200 uva ku murwa mukuru w’iyo ntara, Galkayo.
Facebook Forum