Uko wahagera

Impunzi 100000 Muri Etiyopiya Ntizifite Ibizitunga


Impunzi z'Abanyetiyopiya

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko ibifungurwa vyariheranye ku mpunzi 100000 muri Etiyopiya. Ivyo bifungurwa vyari bigenewe impunzi z’abanyeritreya ziri mu nkambi zo mu ntara ya Tigre. Intara ya Tigre imaze ikiringo kigera ku kwezi yugaye ku makungu bivuye ku ngwano iriko ihabera.

Umuvugizi w’ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho impunzi, HCR, Babar Baloch, yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa kabiri i Geneve mu Busuwise ko impungenge zitera ziyongera. Amenyesha ko impunzi zigiye kubura ibifungurwa mu bizotuma zigeramirwa n’inzara. Asigura ko batanguye kugabisha ku vyerekeye ico kibazo kuva ingwano yadutse haraheze hafi y’ukwezi.

Umuvugizi wa HCR, Babar Baloch, avuga ko batewe impungenge zikomeye cane n’amakuru avuga ku bitero, kunyuruza abantu n’ukubinjiza mu gisirikare ku nguvu biriko bikorwa mu makambi y’impunzi.

Ejo ku musi wa gatatu ukwezi kuzoba kurangiye kuva umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy ahmed, atangaje ko ingwano yatanguye mu ntara ya Tigre hagati y’inteko za reta n’izo muri iyo ntara.

Uburyo bw’uguhanahana amakuru n’ugutwara abantu n’ibintu bwarahagaritswe mu ntara ya Tigre ifise abantu imiliyoni 6.

Ishirahamwe ONU n’ayandi mashirahamwe yarasavye gushobora gushika muri iyo ntara kugira atange imfashanyo z’ibifungurwa, imiti n’izindi mfashanyo zikenewe cane.

Ishirahamwe ONU rimenyesha ko abantu imiliyoni 2 bakeneye imfashanyo muri iki gihe mu ntara ya Tigre.

Impunzi zigera ku 100000 z’abanyeritreya ni zo zigeramiwe cane kurushiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG