Uko wahagera

Amnesty Isaba Igumizwaho ry'Ibihano ku Birwanisho kuri Sudani y'Epfo


Abarobeli bahoze barwanya reta ya Sudani y'Ubumanuko

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa muntu, Amnesty International risaba akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kugumizaho ibihano vyo kugura ibigwanisho vyafatiwe Sudani y’ubumanuko.

Iryo shirahamwe rivuga ko ubwicanyi n’ayandi mabi nk’ivyaha vyo mu ntambara ku basivile vyiyongereye incuro zine uyu mwaka naho hasinywe amasezerano y’amahoro n’ishingwa rya reta y’ubumwe mu kwezi kwa kabiri.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano katanguye gufata ivyo bihano kuri Sudani y’ubumanuko mu kwezi kwa gatanu 2018, vyongera bigumizwaho mu mwaka ukurikira, no mu kwezi kwa gatanu umwaka wa 2020.

Raporo Amnesty yarungikiye ako kanama ka ONU mu ndwi iheze, irimwo ivyaha vy’ubwicanyi ndengera butungane, gufata abagore ku nguvu, kuboreza igufa no gusangangura amatungo y’abanyagihugu bikorwa n’abasirikare ba reta n’abayoboka abatavuga rumwe nayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG