Uko wahagera

Uburundi Bwahagurukiye Ikibazo c'Iyicwa ry'Abanyeshure Babwo mu Burusiya


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin

Ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Uburusiya busaba ubundi buserukizi bw’ibihugu vya Afrika muri ico gihugu kwunga urunani mu kwamirira kure ubwicanyi bwabaye ndanse mu Burusiya ku banyeshure b’abanyafrika, ahanini ku Barundi.

Ibi biri mu rwandiko rwasinywe kw’italiki ya 26 z’ukwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka wa 2020, uwuserukira Uburundi mu Burusiya, Edouard Bizimana, yandikiye Paba Sale Mahamat, umukuru w’aba ambasaderi b’abanyafrika muri ico gihugu.

Bizimana amusaba gutumako inama yihuta y’abo baserukira ibihugu vya Afrika kugira bahanahane ivyiyumviro ku bijanye n’umutekano w’abanyeshure b’abanyafrika mu Burusiya no kugumana imigenderanire myiza hagati y’ibihugu vya Afrika n’Uburusiya.

Ambasaderi Bizimana avuga ko ibi abisavye inyuma y’igandagurwa ry’abanyeshure batatu b’Abarundi mu Burusiya bubaye mu kiringo c’umwaka umwe gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG