Uko wahagera

Ubufaransa na Mali Ntibavuga Rumwe ku Kuganira n'Intagondwa


Mu gihe reta mfatakibanza ya Mali yavuze ko yipfuza gutangura kuganira n’imihari yose yitwaje ibirwanisho, Ubufaransa busanzwe bufise abasirikare barenga 5 000 mu gihugu buvuga ko buteye kubiri n’ibiganiro n’abarwanyi b’abayisilamu.

Abarwanyi b’abayisilamu bamaze imyaka barwana na reta ya Mali, nta kimenyetso bagaragaza co gushaka kurangiza intambara, ndetse n’inyuma y’ikurwa ku butegetsi rya Perezida Ibrahim Boubacar Keita.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron aheruka kuvuga ko ata kindi abakora iterabwoba bakwiye atari ukubarwanya.

Abasesenguzi bamwe bavuga ko ivyashikirijwe na Macron bica intege ingendo yafashwe n’abategetsi bashasha ba Mali yo kuganira n’imihari y’intagondwa z’abayisilamu.

Inyuma y’amasezerano y’amahoro yasinyiwe muri Aljeriya, imihari yitwaje ibirwanisho yari yitezwe kwiyunga n’igisirikare c’igihugu. Inyuma y’imyaka itanu ayo masezerano asinywe, nta ntambwe ziboneka zirashikwako mu kuyashira mu ngiro.

Macron yavuze kandi ko ashobora gufata ingingo mu mezi ari imbere yo gukomeza inteko z’Ubufaransa ziri muri ako karere ka Sahel, zizwi nka Barkhane.

Mu gihe abasirikare b’Abafaransa barenga 50 bamaze gupfira muri ako karere, abakurikiranira hafi ibibera mu karere bavuga ko Ubufaransa bwoba buriko bwiyumvira gutahukana abasirikare babwo no guhimiriza ibindi bihugu vya Bulaya gusahiriza muri urwo rugamba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG