Uko wahagera

RDC: Sheka Ntaberi Yaciriwe Uwo Guherayo ku Vyaha vy'Ubwicanyi


Umukuru w'abarobeli, Sheka Ntabo Ntaberi, akurikiranwa ku vyaha bihohotera kiremwa muntyakoze mu 2010.

Uwahoze ari umukuru w’umuhari w’abarwanyi muri Republika ya demokarasi ya Congo kuri uyu wa mbere yaciriwe umunyororo wo guherayo ku vyaha vyo mu ntambara no gufata abakenyezi ku nguvu. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashimye iyo ngingo.

Sentare ya gisirikare muri Congo yagirije Ntabo Ntaberi Sheka ivyaha vy’ubwicanyi, gufata abakenyezi ku nguvu, kwinjiza abana bari munsi y’imyaka 15 mu gisirikare haraheze imyaka irenga 10.

Intumwa ya ONU muri RDC, Leila Zerrougui, yavuze ko iyo ngingo yerekanye ko ingendo yo kudahana ishobora gusezererwa.

Sheka yashinze umuhari Nduma Defense du Congo, NDC, ukorera mu ntara ya Kivu y’uburaruko, aho yavuze ko yariko arwanya abarobeli b’abahutu b’Abanyarwanda bo mu muhari FDLR.

Abategetsi ba Congo basohoye umutahe wo guhagarika Sheka mu kwezi kwa mbere mu 2011, inyuma y’ivyaha umuhari wiwe NDC hamwe n’iyindi mihari ibiri bagirizwa vyo kwica, gusambanya abantu hafi 400 mu mihana 13 hagati y’ukwezi kwa ndwi n’umunani mu 2010.

Umuhari wa NDC wagirizwa kandi kwinjiza abarwanyi 154 b’abana.

Sheka yishikanye ku nteko za ONU mu kwezi kwa ndwi 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG