Uko wahagera

Umutegetsi akomeye agira kabiri wa al-Qaida Yiciwe muri Irani


Abdullah Ahmed Abdullah azwi kw'izina ryo mu ngwano rya, Muhammad al-Masri

Abdullah Ahmed Abdullah, yagirizwa ko yagize uruhara mu bitero vy’iterabwoba vyakozwe ku nyubakwa 2 za ambasade za Amerika muri Afrika mu mwaka w’i 1998. Yiciwe mu gihugu ca Irani mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka n’abantu bakorera igihugu ca Israyeli babitumwe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Ivyo vyatangajwe ku musi wa gatanu n’ikinyamakuru co muri Amerika, New York Times, gisubiramwo abategetsi bajejwe iperereza.

Abdullah Ahmed Abdullah, yari azwi kw’izina ryo mu ngwano rya, Abu Muhammad al-Masri. Yishwe arashwe n’abantu 2 bari kw’ipikipiki mu mabarabara yo ku murwa mukuru wa Irani, Teherani kw’italiki 7 y’ukwezi kw’umunani kw’uyu mwaka. Yiciwe mu gice c’umurwa maukuru citwa Pasdaran.

Ikinyamakuru, New York Times kimenyesha ko iyicwa rya Masri, yabonwa ko ariwe bisa nuko azosubirira umukuru w’umurwi al-Qaida muri iki gihe, Ayman al-Zawahiri, ryagumijwe mw’ibanga gushika muri iki gihe.

Masri avurwa ko yari ku rutonde rw’abantu baronderwa kurusha abandi rw’ibiro bijejwe gutohoza ivyaha vyo muri Amerika, FBI.

Ikinyamakuru, New York Times kivuga ko abategetsi ba Amerika bari bamaze imyaka itari mike barondera Masri n’abandi bakorera umurwi al-Qaida muri Irani.

Al-Qaida ntiratangaza urupfu rwiwe. Abategetsi ba Irani baranyegeje ivyerekeye urupfu rwiwe kandi nta reta niwe iriyitirira iyicwa ryiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG