Uko wahagera

USA: Mike Pompeo mu rugendo i Bulaya no mu buseruko bwo hagati bw'isi


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo

Pompeo yashitse i Paris ku murwa mukuru w’Ubufransa uno musi ku wa gatandatu, aho ahagaze ubwa mbere mu rugendo rw’imisi 10 azogira mu bihugu 7 vy’i Bulaya no mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi. Urwo rugendo ruzoshimikira ku vyerekeye kurwanya iterabwoba hamwe n’ukwubahiriza ubwigenge bufatiye ku madinini.

Urwo rugendo rubaye hafi y’indwi imwe inyuma yuko Joe Biden atangajwe ko ariwe abonwa ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu muri Amerika. Abategetsi b’ibihugu bitari bike vyo kw’isi birimwo ivyo Pompeo ariko agendera barakeje Biden.

I Paris mu Bufransa, bitegekanijwe ko Mike Pompeo abonana na Prezida Emmanuel Macron n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Jean-Yves Le Drian kugira baganire ku bibazo vyerekeye umutekano, kurwanya iterabwoba n’ibindi bibazo biraje ishinga amakungu.

Avuye i Paris, Mike Pompeo azoja mu gisagara ca Istambul muri Turkiya. Mu nyuma yaho azoja mu bihugu vya Georgia, Israyeli, Emirate zunze ubumwe z’abarabu, Qatar na Arabiya Sawudite.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG