Uko wahagera

Urucanco rwa COVID-19 Ruhabwa Icizere ku Bice 90 kw'Ijana


Abashakashatsi bariko bagira ubushakashaka ku rucanco rwa Covid-19
Abashakashatsi bariko bagira ubushakashaka ku rucanco rwa Covid-19

Igeragezwa ry’urucanco rw’umugera wa corona ryerekana ko rukora neza ku rugero rw’ibice 90 kw’ijana, inyuma y’igeragezwa ry’ibanze ryatanze icizere ko uwo mugera ushobora gutururuzwa ku rwego rw’isi mu mezi ari imbere.

Urwo rucanco rwakozwe n’amakompanyi abiri akora imiti, Pfizer yo muri Amerika na BioNTech yo mu Budagi, rugeze ku gice ca gatatu c’igeragezwa. Abantu barenga 40 000 bo ku migabane itatu baratoranijwe kugeragerezwako.

Inyuma y’indwi zitari nke rugeragezwa, abantu 49 muri bo baranduye umugera wa corona aho babashiriye mu bandi banyagihugu. Abarukoze bavuga ko urwo rucanco rukora ku bice hafi 90 kw’ijana.

Umukuru w’ikompanyi Pfizer, Albert Bourla, yasohoye itangazo kuri uyu wa kabiri avuga ko ibiharuro batororokanije vyerekana ko urwo rucanco rushobora gukinga COVID-19 ku bakuze batarandura. Yavuze ko ari intsinzi kw’isi, kandi agashimira abantu bitanze kugira rugeragezwe.

Nawe uwuri mu bashinze kandi anarongoye ikompanyi BioNTech, Ugur Sahin, yavuze ko afise icizere ko urwo rucanco rushobora gukingira umuntu hafi mu kiringo c’umwaka kandi ko hazokenerwa ko umuntu acandarwa incuro zibiri kugira umubiri ubashe gukingirwa.

Abakoze urwo rucanco baremeye kuzomanura igiciro carwo ugereranije n’izindi kandi ko rutazogurishwa ku giciro kimwe hagati y’ibihugu n’intara.

Ariko uburyo urwo rucanco rutunganijwe bisigura ko bitazorohera ibihugu bikiri inyuma mu buvuzi, igihe hazotangura porogaramu zo gucandaga kubwo kutagira ibikoresho bigezweho vyo burubika neza n’ubukene bw’umuyagankuba.

Mu gufasha muri iyo ntumbero, ikigega ca ONU citaho abana kw’isi, UNICEF cakoresheje imiliyoni 85 z’amadolari mu 2019 mu kugura ivyuma vyo gukanyisha, vyinshi bikoreshwa n’imishwarara y’izuba muri Afrika na Aziya. UNICEF iriko kandi iratororokanya inshinge zo gucandaga kandi inazikwirakwiza imbere yuko urucanco rwemezwa burundu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG