Uko wahagera

Abashika 11 Bishwe mu Mishamirano yo kuri uyu wa Mbere


Uruhagarara rwatewe n’itorwa rya Perezida wa Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara rwahitanye ubuzima bw’abantu 6 kuri uyu wa mbere, mu gihe sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje intsinzi yiwe yo kurongora manda ya gatatu yateye amahane.

Ouattara, w’imyaka 78, yatsinze ku majwi 94 kw’ijana y’abatoye, ariko Cote d’Ivoire yinjiye mu bihe vy’indyane za politike, inyuma y’aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi bankiye kwitabira amatora. Baciye bashinga reta yo ku ruhande, bavuga ko babona ko manda ya gatatu itemewe n’amategeko.

Abantu hafi 50 baramaze gupfa muri iyo migumuko kuva mu kwezi kwa munani kandi abategetsi babiri batavuga rumwe n’ubutegetsi barahagaritswe. Ibi vyatumye haba ubwoba ko Cote d’Ivoire ishobora kwinjira mu ruhagarara nk’urwabaye mu 2010.

Abategetsi bavuze ko imishamirano hagati y’amoko abiri atarabana ryiza yadutse kuri uyu wa mbere mu gisagara ca Daoukro, kiri hagati hashira mu buseruko bw’igihugu, ahagwiriye abanywanyi ba Henri Konan Bedie. Ubwicanyi kandi bwarahabaye imbere y’amatora yo kuwa 31 z’ukwezi kwa cumi.

Iyo mishamirano hagati y’amoko i Daoukro yahitanye abantu batatu na 41 bakomeretse kuri uyu wa mbere, nkuko bishikirizwa n’abategetsi b’ako karere.

Bavuze ko umuntu umwe yaciwe ibihimba vy'umubiri, uwundi araturirwa igihe abigaragamvya bariko bazibira amabarabara.

Abandi babatu biciwe mu gisagara ca Elibou hagati mu gihugu mu gushamirana kwabaye hagati y’abajejwe umutekano n’abakora imyiyerekano bariko bazibira ibarabara, nkuko abanyagihugu bavyiboneye babivuze.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bahamagariye abanywanyi babo kugumuka imbere y’uyu wa mbere aho sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ivyavuye mu matora inatangaza ko Ouattara yatsindiye manda ya gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG