Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, Amnesty International risaba reta ya Kenya kudatanga kuri Reta ya Tanzaniya umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Tanzaniya yahunze igihugu ciwe atinya gukurikiranwa. Godbless Lema, yahoze ari umushingwamanza w’umunyatanzaniya, wo mu mugambwe Chadema, yahungiye muri Kenya inyuma yo gufungwa gato, inyuma yo gutsindwa mu matora yo mu kwezi kw’icumi.
Haraheze hafi indwi perezida wa Tanzaniya, John Magufuli arahiriye manda ya kabiri ku butegetsi, kandi abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bariko barava mu gihugu kubera ubwoba. Ku musi w’Imana, abategetsi ba Kenya barahagaritse umunyepolitike w’umunyetanzaniya, yahoze ari umushingamateka, Godbless Lema, igihe yariko ajabuka umupaka muri Kenya n’umugore wiwe n’abana batatu.
Demas Kiprono, wo muri Amnesty International muri Kenya, avuga ko Kenya ikwiye guha ubuhungiro uwo munyepolitike.
Amnesty yagirije reta ya Tanzaniya ibikorwa vyo guhohotera abantu mu bihe vy’imyiyamamazo. Amnesty ivuga ko ayo matora yahengamiye ku mugambwe uri ku butegetsi CCM, watwaye Tanzaniya kuva icikukira haraheze hafi imyaka 60.
Abategetsi bajejwe ivy’amatora bavuga ko Magufuli yatsinze amatora ku majwi 84 kw’ijana y’abatoye. Magufuli yahamagariye ubwiyunge mu gihugu, yemera kuzokorera abanyetanzaniya.
Ibinyamakuru muri Tanzaniya bivuga ko uwundi atavuga rumwe n’ubutegetsi kandi yabaye umukandida mu mwanya wa perezida, Lazaro Nyalundu, yabujijwe gusohoka igihugu kubwo kuterekana impapuro z’ingenzi.
Facebook Forum