Uko wahagera

Abasirikare Barenga 100 Bakomerekeye ku Rugamba muri Etiyopiya


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed yasubirije umukuru w’ibiro vya gisirikare kuri uyu w’Imana, mu gihe ibitigiri vy’abasirikare bakomerekera ku rugamba vyiyongera, mu mishamirano imaze imisi itanu mu ntara ya Tigrinya iri mu buraruko bw’igihugu.

Abiy kandi yasavye amakungu gutahura ibikorwa vya gisirikare yatanguje mu ndwi iheze ku mugambwe TPLF utwara iyo ntara, yawagirije kurondera guhungabanya igihugu. Abiy yavuze ko uwo mugambwe wahaye amafaranga, imyimenyerezo hamwe n’ibikoresho abashaka kuja mu bikorwa vy’ubwicanyi kandi bitemewe n’amategeko bigamije guhungabanya reta mfatakibanza.

Papa Fransisiko yasavye Etiyopiya kwirinda intambara iciye mu birwanisho, abasaba gusenga no kuganira.

Umukuru w’intara ya Tigrinya, Debretsion Gebremichael, yasavye umuryango w’ubumwe bwa Afrika kwerekana uruhara rwawo mu kubuza Etiyopiya kugwa mu ntambara hagati y’abenegihugu.

Kuri uyu w’Imana kandi, Abiy yasubirije umushikiranganji w’imigenderanire hamwe n’umukuru w’igiporisi yongera arungika perezida w’intara ya Amhara gutwara iperereza rya Etiyopiya.

Aya makuru atangajwe mu gihe abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu bavugiye ko abasirikare hafi 100 bariko baravurwa ibikomere mu bitaro vyo mu ntara ya Amhara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG