Uko wahagera

Abakozi 2 b'Abagiraneza Barishwe muri Sudani y'Ubumanuko


Amashirahamwe abiri y’abagiraneza yahagaritse ibikorwa mu bice vyo mu buseruko bwa Sudani y’ubumanuko, inyuma y’aho abantu bitwaje inkoho biciye abakozi babo mu ndwi iheze.

Ihagarikwa ry’ivyo bikorwa bizobangamira ubuzima bw’ibihumbi vy’abanyagihugu bashwiragiye muri reta ya Jonglei ahabangamirwa n’imyuzure.

Annette Hearns, icegera c’umukuru w’ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo, OCHA, i Juba, yavuze ko kwica abo bakozi vyahungabanije ibikorwa vyo guha imfashanyo abanyagihugu ariko vyateye n’imibabaro mu miryango yabuze ababo.

Abakozi icenda bo mu mashirahamwe atanga imfashanyo baramaze kwicwa muri Sudani uyu mwaka. Muri rusangi abakozi 124 bo mu mashirahamwe atanga imfashanyo baramaze kwicwa, benshi muri bo ni abanyesudani y’ubumanuko, kuva igihugu cinjira mu ntambara mu 2013, nkuko bishikirizwa na ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG