Uko wahagera

Francophonie Yavuguruye Imigenderanire no Gufashanya n'Uburundi


Akanama kamaho ka Francophonie Gakoranye
Akanama kamaho ka Francophonie Gakoranye

Akanama kamaho k’ishirahamwe mpuzamakungu rihurikiyemwo ibihugu bivuga igifaransa, Francophonie, kuri uyu wa gatatu kafashe ingingo yo gukuraho ingingo zose kafatiye Uburundi, inyuma y’uruhagarara rwa politike rwabaye mu mwaka wa 2015.

Ibi biri mw’itangazo ryasohowe kuri iyi taliki ya kane ukwezi kwa cumi na kumwe n’ubuserukizi bw’Uburundi i Paris mu Bufaransa.

Ubuserukizi bw'Uburundi buvuga ko ako kanama kari karongowe n’umunyamabanga mukuru wa Francophonie, kemeje guhagarika ingingo kafashwe kw’italiki ya 3 ukwezi kwa ndwi 2015 yo guhoza ijisho k'Uburundi hamwe n’iyafashwe kw’italiki 7 z’ukwezi kwa kane 2016 yahagarika imigenderanire n’ugufashanya n’Uburundi.

Kuva kuri iyi taliki, iryo tangazo rivuga ko Uburundi busubijwe muri uwo muryango kandi bugiye kwongera kugira uruhara mu biganiro vyose no mu ngingo zose zifatwa n’uwo muryango.

Imyiyerekano yabaye mu Burundi inyuma y’aho nyakwigendera Perezida Pierre Nkurunziza atangarije ko azokwitoreza manda ya gatatu mu 2015, hamwe no kugerageza gutembagaza ubutegetsi vyatumye iryo shirahamwe rifata ingingo yo gukurikirana ikibazo c’Uburundi. Kuva ico gihe Uburundi bwagumye bwigwako mu manama yose y’uwo muryango.

Mu kwezi kwa kane 2016, ako kanama kamaho kahagaritse imigenderanire no gufashanya n’Uburundi, hisunzwe ko ata terambere rigaragara mu bisata vya politike, umutekano, n’agateka ka zina muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG