Uko wahagera

Igisasu Caturitse mu Bubiko bw'Ubumara Cishe 12 mu Buhindi


Umusore yakomeretse inyuma y'aho ivyuka vya gaze zisanzariye i Vishakhapatnam, mu Buhindi, kw'itariki 07/05/2020

Abakozi bashika 12 bapfuye kuri uyu wa gatatu mu Buhindi, inyuma y’aho inzu ibikwamwo ivyuka vy’ubumara isambukiye inyuma y’igisasu gikomeye caturitse mu burengero bw’igihugu.

Umutegetsi mu gisata co kuzimya imiriro yavuze ko abapfuye barimwo abagore batanu n’abandi icenda bakomeretse muri iryo sanganya, mu micungararo y’igisagara ca Ahmedabad, mu burengero bwa reta ya Gujarat.

Ababibonye babwiye abanyamakuru ko ico gisasu caturitse casambuye impome z’iyo nyubakwa.

Umukuru w’igisata kizimya imiriro mu gisagara ca Ahmadabad, M. F. Dastur yavuze ko amatohoza y’ibanze yamenye ko iryo sanganya ryatewe n’umuriro wadutse mu bubiko bw’ubwo bumara.

Ubuhindi bukunda guhura n’amasanganya nk’ayo, abahinga bavuga ko aterwa n’ukwanjanjwa canke ata mategeko yo kuyakinga afatwa.

Umushikiranganji wa mbere Narendra Modi yavuze ko abategetsi bariko baha imfashanyo zose zikenewe abashitsweko n’iryo sanganya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG