Uko wahagera

Ubufransa Bwarishe intagondwa z'Abayisilamu 50 muri Mali


Florence Parly ni umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubufransa
Florence Parly ni umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubufransa

Ubufransa bumenyesha ko inteko zabwo zishe intagondwa z'abayislamu 50 muri Mali.

Inteko z’Ubufransa zirwanya intagondwa z’abayisilamu mu karere ko muri Afrika yo mu burengero zishe intagondwa z’abayislamu zirenga 50, zifata abandu 4 mu gikorwa ca gisirikare cabaye mu ndwi iheze.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubufransa, Florence Parly, yatangaje ku musi wa mbere mw’ijoro ko inteko z’Ubufransa mu karere zafashe kandi ibirwanisho n’ibindi bikoresho vyari mu minwe y’intagondwa z’abayislamu ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Avuga ko vyerekana ko imirwi y’iterabwoba idashobora gukora ivyo yishakiye ata nkurikizi.

Parly yagendeye umurwa mukuru wa Mali, Bamako ku musi wa mbere n’uno musi ku wa kabiri. Yarabonanye n’uwuyoboye reta mfatakibanza. Yasavye ko haba amatora yisunze demokrasi mu buryo bwihuta bushoboka. Yamenyesheje kandi ko ubutegetsi buhari muri iki gihe bwatanze uwo muhango.

Ubufransa bufise inteko ibihumbi n’ibihumbi mu karere ko muri Afrika yo mu burengero zigenewe gufasha kurwanya imirwi y’intagondwa muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG