Uko wahagera

Abanyamerika Barahitamo Hagati ya Donald Trump na Joe Biden


Abitabiriye itora muri kuri uyu wa kabiri bari mu biro by'ibora muri reta ya Virginia
Abitabiriye itora muri kuri uyu wa kabiri bari mu biro by'ibora muri reta ya Virginia

Abanyamerika barahitamwo uno musi ku wa kabiri uwuzobayobora mu kiringo c'imyaka 4 yimirije hagati ya Prezida Donald Trump, umurepubulikani na Joe Biden, umudemokarate yahoze ari icegera ca prezida Barack Obama hagati y'imyaka y'2009-2016.

Abanyamerika imiliyoni n’imiliyoni baratora uno musi ku wa kabiri mu bice bitandukanye vy’igihugu mu ntumbero y’uguhitamwo uwuzobayobora mu kiringo c’imyaka ine yimirije.

Ibiro vy’amatora biruguruye mu bice nka vyose vyo mu buseruko bw’igihugu. Joe Biden araza kuja mu bisagara 2 vyo muri Reta ya Pennsylvania imbere yuko agaruka muri Reta ya Delaware gushikiriza ijambo ku muhingamo w’uno musi.

Trump araza kugendera icicaro c’abajejwe kumufasha gusubira gutorwa hanze y’igisagara ca Washsington imbere yuko agaruka mu biro vyiwe, Maison Blanche. Araza gutanga kandi ikiganiro kuri programu yitwa “Fox and Friends”, ya televiziyo Fox News.

Abanyamerika barenga imiliyoni 99 baramaze gutora. Ni ukuvuga ibirenga bibiri vya gatatu vy’abagera ku miliyoni 139 batoye mu mwaka w’i 2016. Benshi mu batoye imbere y’igihe bamenyesheje ko bashatse kwirinda imirongo miremire y’abatora uno musi ku wa kabiri mu bibanza vy’amatora.

Ni mu gihe ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona bibandanya kwiyongera mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG