Uko wahagera

Nijeriya Izokora Ibishoboka Ngozi Okonjo-Iwela Ayobore OMC


Ibiro by'Ishirahamwe rijejwe ubudandaji kw'isi (Organisation mondiale du commerce) biri i Geneve mu Busuwise
Ibiro by'Ishirahamwe rijejwe ubudandaji kw'isi (Organisation mondiale du commerce) biri i Geneve mu Busuwise

Nijeriya catangaje ko kitazokwemera ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zanka umunyanijeriyakazi, yashizwe imbere ngo arongoye Ishirahamwe rijejwe ubudandaji kw’isi.

Igihugu ca Nijeriya kivuga ko kizovugira umupfanosi Ngozi Okonjo-Iwela kugira ngo yemerwe kuyobora ishirahamwe rijejwe ubudandaji kw’isi.

Ku musi wa gatatu, Reta ya Amerika yavuze ko itishimiye ingingo yari yashikirijwe n’umurwi w’abahinga bakorera iryo shirahamwe, wari wahisemwo uyo mupfasoni yahoze ari umushikiranganji w’igihugu ca Nijeriya ajejwe ubutunzi, ngo abe ari we azorongora iryo shirahamwe. Iyo Amerika imwemera, yari kuba agiye kuba umutegetsi wa mbere w’umupfasoni w’umwirabure, arongoye iryo shirahamwe.

Ejo ku musi wa kane, ubushikiranganji bw’igihugu ca Nijeriya bujejwe imigenderanire, bwaratangaje ko bugiye kubandanya buvugana n’ibindi bihugu kugira ngo uyo mupfasoni ashikire ayo mabanga yo kurongora iryo shirahamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG