Uko wahagera

Intumwa ya USA mu Guhuza Abanyafuganistani Yavuguruye Ibiganiro


Zalmay Khalilzad, intumwa ya Amerika mu biganiro vy'amahoro muri Afuganistani i Doha, muri Qatar , kw'italiki ya 12/09/2020
Zalmay Khalilzad, intumwa ya Amerika mu biganiro vy'amahoro muri Afuganistani i Doha, muri Qatar , kw'italiki ya 12/09/2020

Intumwa ya Reta zunze ubumwe z’Amerika mu biganiro vy’amahoro vyo guhuza abanyafuganistani yasubiye mu twigoro twa kidipolomasiya. Ahamagarira impande zirwanya kugabanya abahitannwa n’intambara no kunyarutsa ibiganiro bigamije kurangiza intambara igira ikwize imyaka 20.

Zalmay Khalilzad asubiye muri utwo twigoro mu gihe reta ya Perezida Donald Trump ivuga ko yagabanije ibitigiri vy’abasirikare bayo muri ico gihugu gushika ku basirikare 4 500.

Khalilzad yasubiye muri iyi ndwi i Doha, muri Qatar, aho intumwa ziserukira reta ya Afuganistani n’Abatalibani bari mu biganiro kuva kw’itariki 12 z’ukwezi kw’icenda. Nta ntambwe zishimishije barashikako bivanye nuko batarumvikana ingene ivyo biganiro bibwirizwa kugenda.

Umuvugizi w’Abatalibani, Mohammad Naeem Wardak, yavuze kuri uyu wa kane ko abategetsi babo ba politike i Doha babonanye na Khalilzad kandi ko na komanda w’inteko za Amerika muri Afuganistani, Gen. Scott Miller, ari ho yari.

Wardak yavuze ko impande zibiri zaganiriye ku gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro yasinywe hagati y’Abatalibani na Amerika mu kwezi kwa kabiri.

Umuhanuzi w’Amerika mu mutekano w’igihugu, Robert O’Brien, yavuze ku musi wa gatatu ko Perezida Trump ariko arakora uko ashoboye kugira arangize iyo ntambara mu gishingo co gutanguza iyindi. Yavuze kandi ko Amerika iri mu nzira yo kuva burundu muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG